Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Diyoseze nkuru ya Bujumbura yashize ahabona amazina y’abiteguriye kwatirwa mu busaserdoti

Abadiyakoni indwi nibo bazokwatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti kuwa 20 Mukakaro 2019, abakorezi icumi nabo bahabwe igice c’ubudiyakoni.

Kuri iryo genekerezo rya 20 Mukakaro 2019, umuryango w’abakristu bo muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura uzoba uramutse ufise urubanza rw’iteka, aho abadiyakoni indwi bazoba batirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti, abakorezi icumi nabo bahabwe igice c’ubudiyakoni, mu birori bizobera muri Paruwase ya Bukwavu, Vikariya ya Buhonga, mu ntara ya Bujumbura, intara bakunda kwita Bujumbura Rurala. Ni muri iyo ntumbero igisata c’iyo Diyoseze gitegura urwo rubanza cashize ahabona amazina y’abazokwatirwa muri ayo mabanga, mw’itangazo ryarungikiwe amaparuwase yose agize iyo Diyoseze kugira rizosomerwe abakristu mu matangazo y’amaparuwase.

Nk’uko amakuru dukesha urubuga ngurukanabumenyi rwa Diyoseze nkuru ya Bujumbura abivuga, Abadiyakoni bazokwatirwa mu busaserdoti ni BATERANYA Alexis avuka muri Paruwase ya Bukwavu, MASABARAKIZA Jean Népomuscène avuka muri Paruwase Karinzi, NDAYIKENGURUKIYE Léonidas avuka muri Paruwase Bukwavu, NDIKUMANA Egide avuka muri Paruwase Bukwavu, NIMUBONA Emmanuel avuka muri Paruwase Rugazi, NSHIMIRIMANA Prospère avuka muri Paruwase Mayuyu, hamwe na NTUNGICIMPAYE Renauld Sixte avuka muri Paruwase Kinindo.

Nayo abakorezi bazohabwa igice c’ubudiyakoni ni MUGISHA Félix avuka muri Paruwase Kamenge, NDAYIKENGURUKIYE Aristide avuka muri Paruwase Musaga, NDUWIMANA Jean Marie Chadrack avuka muri Paruwase Munanira, NIMPAGARITSE Hermes avuka muri Paruwase Bukwavu, NINGENZA Léonidas avuka muri Paruwase Musaga, NIYONGABO Télésphore avuka muri Paruwase Kivoga, NKUNZIMANA Yves avuka muri Paruwase Gihosha, NSENGIYUMVA Chanel avuka muri Paruwase Bukeye, NTAKARUTIMANA Etienne avuka muri Paruwase Muramvya, na NTAKIRUTIMANA Isaïe avuka muri Paruwase Rugazi.

Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ikaba yashize ahabona ayo mazina kugira abafise icobuza ko abo bagiye kwatirwa bahabwa ayo mabanga bakivuge.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS