MASHARIKI TV

L' information fiable et en temps réel

El Classico : Real Madrid yasezeye ihiganwa ry’igikombe c’Umwami

Real Madrid yatsindiwe ku kibuga cayo ibitsindo bitatu ku busa na FC Barcelona, uwo murwi wa Real Madrid ukaba waciye usezera ihiganwa ry’igikombe c’Umwami. Mu rukino rwa mbere rwabereye ku kibuga Nou Camp ca FC Barcelona, imirwi yompi yari yanganije kimwe ku kindi. Inyuma y’urwo rukino rw’ugusubiriza, ibitsindo vyaciye biba bine vya FC Barcelona kuri kimwe ca Real Madrid.

Urwo rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, rukaba rubaye urwa gatatu Real Madrid ikwije yikurikiranya idatsinda muri El Clasico.

Mu rukino rwa mbere, Real Madrid yari yigenjeje neza, ikaba ari nayo yahabwa amahirwe y’ugutsinda urukino rw’ugusubiriza, kuko yari ku kibuga cayo.

Real Madrid yari yaronse n’amahirwe menshi y’ugutsinda, Vinicius na Karim Benzema barasatira bikomeye, ariko biba ivy’ubusa. Igice ca mbere caheze ari ubusa ku bundi.

Mu gice ca kabiri, Barcelona yinjije igitsindo cayo ca mbere ku munota wa 50, gitsindwa na Luis Suarez. Inyuma y’iminota 19 gusa, Raphael Varane yashizemwo ica kabiri.

Ku munota wa 73 w’urukino, Casemiro wa Real Madrid yakoreye ikosa Raphael Varane, umusifuzi atanga “Penalty” yatsinzwe na Luis Suarez.

Urukino rwaheze ari ivyo bitsindo bitatu vya FC Barcelona ku busa bwa Real Madrid.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS