Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Eric Ntunzwenimana yambitswe izera na Sentare akwije indwi akiri mw’ibohero

Eric Ntunzwenimana yambitswe izera na Sentare nkuru y’intara ya Rumonge aracari mw’ibohero inyuma y’iminsi indwi iheze ubutungane bufashe ingingo y ‘ukumurekura.

Uwo munyagihugu apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Rumonge yafashwe yagirizwa gukorana n’umurwi w’abantu batanga uburozi, ariko Sentare ikaba yasanze ivyo yagirizwa atarivyo.

Umuryango wa Eric Ntunzwenimana avuga ko utararonka insiguro z’igituma uwabo agipfunzwe, kandi Sentare yaramwambitse izera, bagasaba ko yorekurwa.

Sentare nkuru y’intara ya Rumonge yasomye ku munsi wa gatatu w’indwi iheze urubanza rw’abantu batanu bari bapfungiwe mu gasho k’igiporisi muri iyo ntara bagirizwa uburozi.

Umutama Vyemero Esron avugwa ko ariwe ari kw’isonga ry’umurwi w’abo bantu bari bapfunzwe bagirizwa uburozi yiyemereye icaha ko ari umurozi imbere ya Sentare, yemera kandi ko ubwo burozi hari abantu babiri bwaheruka guhitana, kandi ko ari nawe yaheruka kuroga umukazana wiwe ubu ari indembe, akaba yamwagirije ko yamwankiye ko bashurashura. Sentare nkuru y’intara ya Rumonge yamuhanishije umunyororo w’imyaka 20.

Umupfasoni wiwe Rachael Niragira nawe yagirijwe ko akorana n’umugabo wiwe mu gutanga uburozi, ariko we arabihakana yivuye inyuma. Sentare yamuciriye urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Abandi bantu babiri aribo Agnès Nijimbere hamwe na Goreth Ndayisaba bagirijwe ko bagize uruhara mu kuroga umukazana wa Vyemero, ariko nabo bakaba babihakanye. Sentare yabaciriye umunyororo w’imyaka ibiri.

Uwitwa Eric NTUNZWENIMANA akiri mw’ibohero yari yafashwe nawe nyene n’igiporisi, yagirizwa ko ariwe agurisha uburozi umutama Vyemero Esron yahora akoresha, ariko uwo yambitswe izera kuko amasura yatumweko yemeje ko uwo mugabo we ari umuvuzi akoresha imiti y’ikirundi azwi, mbere n’umukuru w’umutumba uwo mugabo abako akaba yari yaje aho urwo rubanza rwari rushashe, abwira abacamanza ko azi ko uwo Eric NTUNZWENIMANA asanzwe ari no mw’ishirahamwe ryemewe n’amategeko ry’abakoresha imiti y’ikirundi mu kuvura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS