Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

FC Barcelona yanganije ku kibuga cayo na Real Madrid

FC Barcelona yanganije iri muhira na Real Madrid igitsindo kimwe ku kindi mu rukino rwa mbere rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma c’igikombe c’Umwami. Urwo rukino rwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu rusanzwe ruzwi nka “El Clásico”, rumwe mu nkino zikurikiranwa kurusha izindi kw’isi yose. “El Clásico” ihuza abakeba bo muri Espagne FC Barcelone na Real Madrid.

Urwo rukino rwabereye mu kibuga ‘Camp Nou stadium’ ca FC Barcelona, rwitabirwa n’abantu ibihumbi 92 008, umukinyi rurangiranwa Lionel Messi wa FC Barcelona akaba atabonetse muri urwo rukino iminota 63 ya mbere, bitewe n’ikibazo c’imvune yagize mu mpera z’indwi iheze, mu rukino uwo murwi wanganijemwo nyene na Valencia CF mw’ihiganwa ryo muri Espagne.

Umurwi wa Real Madrid niwo watanguye kubona izamu, ku gitsindo cinjijwe na Lucas Vázquez Iglesias ku mupira mwiza waduganwe imbere n’umunya Bresil Vinícius de Oliveira Júnior, awuhereza Karim Benzema, uwo nawe ahereza Vázquez ari nawe yaciye yinjiza ico gitsindo ca Real Madrid, igice ca mbere gihera ari kimwe ku busa FC bwa Barcelona.

Mu gice ca kabiri, FC Barcelona y’umumenyereza Ernesto Valverde Tejedor yagarutse yariye amavubi, irasatira bikomeye, ibona kuronka igitsindo c’ugusubiriza mu ndumana Real Madrid cinjiye ku munota wa 57 gitsinzwe na Malcom Filipe Silva de Oliveira akomoka nawe nyene muri Brésil.

Naho amagara atari yifashe neza, ku munota wa 63, umumenyereza Ernesto Valverde Tejedor wa FC Barcelona yinjije mu kibuga Lionel Messi asubiriye Coutinho, ku ruhande rwa Real Madrid naho, Gareth Bale asubirira Vinisius Jr.

Isanamu y’urukino ntiyahindutse, n’aho abamenyereza bompi binjije abakinyi b’ibihangange, urukino rukaba rwagiye kurangira imirwi yompi inganya igitsindo kimwe kuri kimwe.

Muri iyo mirwi ibiri, uwuzoja mu rukino rwa nyuma azamenyekana igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2019, inyuma y’urukino rw’ugusubiriza ruzobera ku kibuga ca Real Madrid, i Santiago Bernabéu, mu gisagara ca Madrid.

Umurwi uzotsinda muri urwo rukino ukaba uzoca uhura n’uwuzoba yatsinze hagati ya Real Betis na Valencia CF.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS