Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

FC Barcelona yasezereye Olympique Lyonnais : Imirwi umunani igiye kubandanya ihiganwa

Inkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma za UEFA Champions League zasozerewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, imirwi ya Liverpool na FC Barcelone ikaba ariyo yaraye ironse uburenganzira bw’ukubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Bayern Munich niyo yari yakiriye Liverpool mu rukino rwari rwitezwe na benshi, kuko iyo mirwi yompi yari yanganije ubusa ku bundi mu rukino rwa mbere.

Liverpool niyo yinjije igitsindo ca mbere ku munota wa 26 w’urukino, catsinzwe na Sadio Mané wo mu gihugu ca Senegal.

Bayern Munich nayo yatsinze igitsindo c’ukugombora hasigaye iminota indwi gusa kugira igice ca mbere gihere, cinjiye watewe na Serge Gnabry, ariko umukinyi w’inyuma wa Liverpool Joel Matip aritsinda mu gihe yashaka gukiza izamu.

Mu gice ca kabiri c’urukino, Virgil van Dijk yatsindiye igitsindo ca kabiri Liverpool ku munota wa 69, ku mupira yatsindishije umutwe uvuye muri “Corner” yatewe na James Milner.

Bayern Munich yasabwa gutsinda urwo rukino yatakaje umwizero ku munota wa 84, aho Mohamed Salah yatera umupira mwiza ugana mw’izamu, usanga Sadio Mané yiteguye atsindisha umutwe ica gatatu catumye Liverpool ironka amahirwe y’ukuja mu gice ca kane gishira ica nyuma, ku bitsindo bitatu, kuri kimwe ca Bayern.

Urundi rukino w’igice c’umunani gishira ica nyuma rwahuje mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu nyene FC Barcelona yakuyemwo Olympique Lyonnais iyitsinze ibitsindo 5 kuri 1 mu rukino rw’ugusubiriza rwabereye muri Espagne. Iyo mirwi yompi nayo yari yanganije ubusa ku bundi mu rukino rwa mbere.

Mu bitsindo bitanu vya FC Barcelona, Lionel Messi yatsinze bibiri, Philippe Coutinho atsinda ica gatatu, Gerard Piqué ica kane, hamwe na Ousmane Dembele yashizemwo ica gatanu. Ku ruhande rwa Olympique Lyonnais, ico gitsindo kimwe cinjijwe na Lucas Tousart.

Inyuma y’izo nkino z’igice c’umunani gishira ica nyuma, haciye hamenyekana imirwi umunani yose izokina igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa rya UEFA Champions League. Muri iyo mirwi, ine ni iyo mu gihugu c’Ubwongereza.

Imirwi yose izokina ico gice ca kane gishira ica nyuma ni : Ajax yo mu Buholande, Barcelone yo muri Espagne, Juventus yo mu Butaliyano, Liverpool, Manchester City, Manchester United na Tottenham Hotspur zo mu Bwongereza, hamwe na FC Porto yo muri Portugal.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS