Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo umukuru w’igihugu ca RDC yitezwe i Bujumbura kuri uwu wa gatanu

Umukuru w’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo yitezwe i Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu.

Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko umukuru w’igihugu Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo azoba yitavye ubutumire bw’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKurunziza.

Félix Antoine Tshisekedi Tshilombo agendeye Uburundi mu gihe yaheruka kwandikira uwurongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko umukuru w’igihugu Paul Kagame amusaba ko igihugu arongoye ca RDC cokwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS