Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gatumba : Abantu bane bishwe barashwe

Abantu bane bagizwe n’umuporisi umwe hamwe n’abanyagihugu batatu bishwe barashwe amasasu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, muri zone Gatumba, mu bunywero bita “Bar Ku Mbingo”. Abo bantu bishwe barashwe n’umuporisi w’Uburundi.

Amasasu yahitanye abo bantu bane yumvikanye nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu giporisi c’Uburundi bakamenyesha ko ari umuporisi w’Uburundi azwi kw’izina rya APC NIZIGIYIMANA Léopold yarashe mugenzi we w’umuporisi APC MAGENGE Léopold, n’abandi banyagihugu batatu bari muri ubwo bunywero. Abo bantu bose uko ari bane baciye bitaba Imana aho nyene, n’abandi bane nyene barakomereka.

Ku kibazo c’ukumenya igituma uwo muporisi yakoze ubwo bwicanyi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano asigura ko uwo yarashe abo bantu bari yaborewe, kandi ko yamaze gufatwa kugira aciribwe urubanza rw’ikibiriraho.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS