Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gihanga : Umukuru w’umutumba Kagwema yaraye mw’ibohero

Umukuru w’umutumba Kagwema komine Gihanga intara ya Bubanza apfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza, akaba yafashwe kuri uwu wa gatatu n’icegera c’umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika mu ntara ya Bubanza. Obed Nzohabonayo yafashwe mu gihe yari yarengutse muri Parake.

Uwo arongoye umutumba Kagwema apfunzwe yagirizwa ko yabomoye inzu yariko irubakwa kuri uwo mutumba arongoye. Obed Nzohabonayo yari yagumye abuza umunyagihugu kwubaka iyo nzu, uwo nawe abandanya ivyo bikorwa kuko yavuga ko ico kibanza yagihawe na Musitanteri wa komine Gihanga

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS