Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gihanga : Umuporisi yakomerekejwe na Gerenade

Umuporisi umwe yakomerekejwe na Gerenade yatewe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2019, muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo Gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana, nk’igihe c’isaha zine n’iminota mirongo ibiri z’ijoro. Inyuma y’ugutera ico gisasu, abo bantu baciye bakurikiza amasasu amaja kw’ishure ryisumbuye rya komine Gihanga, nk’uko vyemezwa na Petero Nkurikiye avuga ko iyo Geranade yakomerekeje umuporisi umwe yatwawe kuvurirwa ku bitaro vy’igiporisi c’Uburundi.

Abateye iyo Gerenade baragandaguye kandi umunyagihugu azwi kw’izina rya Manirampa Martin batazira Gangi, yahora aba muri karitiye ya Vyondo, komine Gihanga, uwo nawe akaba yaheruka kurekurwa ava mw’ibohero ku kigongwe c’umukuru w’igihugu.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yatanguye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS