Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gisuru : Abantu babiri bivugwa ko ari abasuma bahitanwe n’amasasu

Abantu babiri bivugwa ko ari abasuma bahitanwe n’amasasu mu Gisuru intara ya Ruyigi, mu gihe bariko barasana n’abaporisi. Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abandi babiri nabo bafashwe hamwe n’inkoho n’umupanga bari bafise.

Nk’uko amakuru atangwa n’igiporisi abivuga, abo babiri bapfuye hamwe n’abo babiri bafashwe bari bagize umurwi w’abantu bane bategereye mu gatondo ko kuri uwu wa gatandatu umugore azwi kw’izina rya Nduhiye Imelde kugira bamwibe bakoresheje inkoho hamwe n’imipanga.

Abajejwe umutekano baranyarutse gutabara, bakurikirana abo bitwaje inkoho. Amasasu abajejwe umutekano barasanye n’abo bitwaje inkoho, ku musozi Kaburanjwira, komine Kinyinya, nk’uko bivugwa na Petero Nkurikiye, yahitanye babiri, abandi babiri barafatwa.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS