Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gitega : Abakozi batanu ba komine bafashwe n’igiporisi

Abakozi batanu ba komine Gitega intara ya Gitega bari mu gasho kuva kuri uwu wa gatanu, bakaba bafashwe n’uwutwara igiporisi kijejwe kurwanya abarya igiturire.

Abo bakozi uko ari batandatu bafatiwe ku kazi, nk’uko amakuru ava mu ntara ya Gitega abivuga, bakaba bapfugiwe mu gasho k’igiporisi i Gitega.

Ayo makuru avuga ko abafashwe bagirizwa kunyuruza amafaranga ya komine ataramenyekana igitigiri, mu gukoresha ibitansi (Quittances) vya magendu mu gutoza amafaranga y’amakori ya komine Gitega.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS