Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gitega : Antenne ya LUMITEL yatewe n’abantu bataramenyekana

Umunyeshure yahora yiga mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye (1ere L.M ) kw’ishure ryisumbuye rya komine Nyarusange intara ya Gitega yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane n’abantu bataramenyekana bamusanze aho yari asanzwe akorera.

NDAYISABA Charles w’imyaka 27 yari ku kazi kimwe ka minsi yose, aho asanzwe ari umunyezamu ku kibanza (Antenne) kirimwo ibikoresha vy’ishirahamwe LUMITEL, akaba yatewe n’abantu bataramenyekana bamugandaguye, bagenda banaturiye icuma gitanga umuyagankuba (groupe électrogène).

Petero NKURIKIYE umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ubwo bugizi bwa nabi bwabereye ku musozi Muzima, komine Nyarusange, intara ya Gitega, amatohoza akaba yatanguye nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS