Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gitega : Inama y’umutekano iremeshejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi

Abegwa n’umutekano mu Burundi bakoraniye kuva mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri mu nama y’umutekano iremeshejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, iriko ibera muri komine ya Mutaho, intara ya Gitega.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, umushikiranganji w’umutekano, umushikiranganji w’ubutungane, hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, abagize inama nkuru y’umutekano w’Uburundi bari muri iyo nama yitabwe kandi na bamwe mu bagize Reta y’Uburundi hamwe n’abaserukira uturere tw’umutekano dutandukanye.

Ivyavuye muri iyo nama turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS