Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gitega : Umunsi mukuru watangujwe n’ugushira ingori z’amashurwe ahari icibutso c’ubumwe bw’Abarundi

Ibirori vy’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi ku rwego rw’igihugu watangujwe n’ugushira urugori rw’amashurwe mu kibanza citiriwe ubumwe bw’Abarundi kiri mu gisagara ca Gitega, inyuma y’ahari inyubakwa y’ubuyobozi bw’intara ya Gitega.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asanzwe ariwe yateye iteka ihimbazwa ry’uwo munsi mukuru ku rwego rw’igihugu yashitse ahatanguriye ivyo birori kw’igihe c’isaha zitatu n’iminota 12 ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise BUCUMI NKURUNZIZA, yakirwa n’abategetsi batandukanye ba Reta y’Uburundi, abajejwe amabanga akomeye mu buzi butandukanye, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abaserukira abajejwe umutekano hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi.

Inyuma y’akanya gato ashitse muri kibanza cubatswemwo icibutso c’ubumwe bw’Abarundi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, yashize urugori rw’amashurwe kuri ico cibutso, hakurikira urugori rw’amashurwe rw’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ibirori nyamukuru bikaba bigiye kubandaniriza ku kibuga ca Stade INGOMA kiri ku murwa mukuru w’intara ya Gitega, ahakoraniye abategetsi  batandukanye hamwe n’abanyagihugu barindiriye kwakira umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aza gushikiriza ijambo ry’uwo munsi mukuru.

Twobamenyesha ko kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu 1988 ariho abantu 24 bashirwa mu murwi mpanuzwajambo ujejwe gushiraho integuro y’amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi, inyuma y’intambara za Ntega.

Abarundi bamaze gusigurirwa ayo masezerano barayemeje kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 1991, ku bice 89 kw’ijana.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS