Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Gitega : Umurwi wa mbere w’abanyororo bagiriwe ikigongwe wasohotse ibohero

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwatanguye kuri uwu wa gatanu gushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu c’Uburundi yagiriye ikigongwe bamwe mu banyororo. Ibirori vy’ugutangura kurekura abanyororo begwa n’iyo ngingo biriko bibera mu ntara ya Gitega, bihagarariwe n’umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana.

Mu gihe amezi yari abaye atatu abo banyororo bagiriwe ikigongwe, ariko bakaba batari bwarekurwe, mu bushikiranganji bw’ubutungane bushikiriza ko ingingo y’ugushira mu ngiro ikigongwe catanzwe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatebejwe n’igikorwa c’umurwi wabanje kurondera imyidondoro y’abanyororo bategerezwa guhabwa ico kigongwe.

Muri ubwo bushikiranganji bashikiriza ko inyuma y’ukurekurwa, abanyororo bazohabwa inyigisho zizobafasha kudasubira muvyo bari bapfungiwe, abajejwe intwaro nabo bagasabwa kuzohimiriza abo mu kibano, kugira bazokwakire neza abazoba barekuwe.

Mw’ijambo yashikirije Abarundi abipfuriza umwaka mushasha w’2019, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yashikirije ati : “Mu ntumbero yo gusasagaza amahoro, iteka n’itekane mu gihugu, twisunze ingingo y’114 y’Ibwirizwa Shingiro, turagiriye ikigongwe abakatiwe gupfungwa imyaka itarenga itanu, abakenyezi bibungenze n’abonsa, abagendana ubumuga bugaragara, abamaze mu mvuto ica kabiri c’ikiringo bakatiwe, n’abandi bose hisunzwe uburemere bw’ivyaha bagirizwa n’inyifato yabo mu mabohero barimwo.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS