Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Hagiye gukorwa ku ncuro ya mbere mu Burundi urusansuma rujanye n’uburimyi n’ubworozi

Mu kigo c’igihugu ISTEEBU (Institut de statistiques et d’études économiques du Burundi) bamenyesha ku ncuro ya mbere kuva Uburundi bubaho, hagiye gukorwa urusansuma rujanye n’uburimyi n’ubworozi mu Burundi. Urwo rusansuma ruzokorerwa hamwe n’urusansuma rugira kane rwerekana uko abanyagihugu basigaye bangana mu Burundi.

Nicolas Ndayishimiye arongoye ikigo ISTEEBU yabishikirije kuri uwu wa mbere mu nama y’iminsi ine iriko ibera i Bujumbura, y’uguhanahana ivyiyumviro, yahuje abahinga bo mu bihugu bivuga ururimi rw’igifaransa, mu ntumbero y’ukwitegurira urwo rusansuma.

Nicolas Ndayishimiye arongoye ikigo ISTEEBU : “Kuva Uburundi bubaho, nta rusansuma ijanye n’uburimyi n’ubworozi novuga burigera bukora. Akamaro k’ibiharuro na cane cane vy’uburimyi n’ubworozi ni nyamukuru kuko musanzwe muzi ko igihugu cacu ahanini gitunzwe n’uburimyi n’ubworozi. Dutegerezwa kuronka ivyo biharuro kugira abantu bose bafata ingingo, umuntu wese ashaka kuza gufasha mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi aronke ibiharuro akorerako. Dutegerezwa kuronka ivyo biharuro bitwereka y’uko mu Burundi dushobora kurima tukaronka ivyo dufungura n’ivyo dushobora kudandaza, n’ivyo turungika hanze y’igihugu.”

Urwo rusansuma rw’abanyagihugu n’ingo hamwe na rusansuma ijanye n’uburimyi n’ubworozi, ruzokorwa mu mwaka w’2022, nk’uko vyemezwa n’uwurongoye ikigo ISTEEBU.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS