Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

“Hariho ikibazo c’ibitoro bimaze nk’iminsi ibiri canke itatu” – Daniel Mpitabakana

Ubuyobozi bujejwe ivy’igitoro buremeza ko hamaze iminsi hibonekeza ubukene bw’igitoro mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Daniel Mpitabakana arongoye ubwo buyobozi avuga ko Reta y’Uburundi iriko irakora ibishoboka vyose kugira ico kibazo gitorerwe inyishu.

Mu gihe ku masitasiyo adandaza igitoro atari make hatabazwa igitoro, aho kibonetse naho ugasanga hari imirongo myinshi kubera ubukene bw’ico gitoro, mu buyobozi bubijejwe bamenyesha ko ico kibazo bakizi, kandi ko vuba kigiye gutorerwa inyishu.

“Mu buyobozi twabibonye, bimaze nk’iminsi ibiri canke itatu. Hariho ikibazo c’ibitoro, cane cane ico mu bwoko bwa “Essence”. Ico kibazo twagomba kubabwira ko tukizi, kandi ko turiko turakora ibishoboka vyose kugira mu minsi mike cane kibe catoye umuti. Tubamenyesha ko abibijejwe bose bari muri ico gisata, yaba twebwe mu bushikiranganji, baba abasanzwe bazana ico gitoro, iki kibazo turiko turagikorerako.

Daniel Mpitabakana ntavuga ariko umunsi ico gitoro kizoba casubiriye kuboneka ku bwinshi, kuko biza kure, ibituma bitaboneka nk’uko Reta yavyipfuza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS