Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ibice birenga cumi vy’amasoko y’amazi yo mu Burundi nivyo bimaze gukama

Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buremeza ko hibonekeza ihungabana ry’ibidukikije mu bice bimwe bimwe vy’ubuzima bw’igihugu, muri ubwo bushikiranganji bakamenyesha ko iryo hungabana rikomoka ahanini ku bikorwa vy’abantu nko guhonya amashamba, gutera ibiti binywa amazi menshi mu masoko, mu bubande no mu myonga hamwe n’inyubako n’uburimyi bidakurikije amategeko, ivyo vyose bigatuma imvura igwa nabi, isi ndimwa igatwarwa hakaboneka imyuzurira canke hakaka uruzuba hagaca hibonekeza ikama ry’amasoko, n’igabanuka ry’amazi yo mu nzuzi no mu biyaga.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije Déo Guide Rurema yamenyesheje ko ivyo bikorwa vy’abantu nko guhonya amashamba n’ugutera ibiti binywa amazi menshi vyatumye ku masoko ashika 24832 Uburundi bufise, ayagera ku 2499 akama burundu, ayagera ku 4418 nayo ariko arakama, kandi nayo nyene atagikozwe vuba arashobora gukama burundu, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Rurema agabisha ko aravye aho igihugu c’Uburundi giherereye, ko hamwe amasoko y’amazi y’Uburundi yokama, ko ata mazi ava mu bindi bihugu Uburundi buzoronka, kuko n’ayahari ari ayasohoka mu bindi bihugu, atayinjira mu Burundi.

Mu ntumbero yo gukingira ibidukikije, ubushikiranganji bw’ibidukikije buheruka gushiraho amategeko abiri, rimwe ribuza gutera ibiti binywa amazi menshi mu turere dukingira amasoko y’amazi, utubande n’imyonga, irindi naryo rigena umunsi wa kane ko wahariwe gukingira ibidukikije mu Burundi, umunsi w’ibikorwa bigizwe n’uguca imikobeko no kurandura ibiti binywa amazi menshi mu tubande, mu myonga no mu masoko mu gihugu cose, mu gisagara ca Bujumbura no mu burere bwegereye ikiyaga Tanganyika naho hazoba gukingira inkombe z’inzuzi, ihemero z’ikiyaga hamwe no gusukura igisagara.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS