Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ibihugu vyabandanije gufasha Uburundi vyashimiwe

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA arashimira ibihugu avuga ko bigenzi vy’Uburundi bishigikira iterambere. Mw’ijambo yashikirije mu ntara ya Gitega mw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi, yamenyesheje ko iterambere ariryo rikomeza ubumwe.

Muri iryo jambo, naho atadomye urutoki kuri ivyo bihugu bifasha Uburundi mw’iterambere, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye akamo n’ibindi, abasaba guhinduka : “Tukaba duteye akamo n’ibindi bihugu bidashaka kudushigikira mu migambi y’iterambere, bashaka kutugumiza mu macakubiri, nabo uno munsi mukuru turawubatuye, kuko Abarundi twafashe ingingo ko tubaye umwe, nabo ntibasigare inyuma, tube umwe kuko turakeneraniye”.

Umukuru w’igihugu NKURUNZIZA yahamagariye Abarundi kujanisha imvugo n’ibikorwa : “Tuve ngaha twiyemeje ko tutazosubira gusubira inyuma mu bikorwa vy’iterambere, tukipfuza ko mugira intambwe nshasha mu mvugo no mu bikorwa.”, akaba kandi yagarutse ku Barundi avuga ko bataye akaranga :

“Abarundi bataye akaranga n’akarangamutima mu kuvuga nabi no mukwambika ibara Igihugu cabo na cane cane abacumbitse mu bihugu vy’abakoroni, tubasaba gukubitiza agatima mpembero, bazirikane ko « atawutera ibuye aho yateretse igisabo» kandi bibuke ko « akabande kabaye imanga kataba indagiroIntambwe tugezeko uno musi mu gutsimbataza Ubumwe irashimishije, yamara tuzirikane ko Ubumwe bwacu budahimbara bose, duheze tubuteramire.”

Umunsi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi wo kuri uwu wa 5 Ruhuhuma 2019 wahimbarijwe ku ncuro ya mbere hagati mu gihugu, mu ntara ya Gitega iheruka kugirwa umurwa mukuru wa poritike. Icivugo c’uwu mwaka ni : « Tugaragaze Ubumwe, tubugendere muri vyose na hose kandi tubukamishe ibikorwa vy’iterambere”

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS