Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ibirwanisho vyafatiwe mu rugo ruri mu Kinanira

Inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalachnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa Pistolet, ibikono 9 bigaragara (9 chargeurs vides) vy’inkoho Kalachnikov)hamwe n’amasasu 262 y’iyo nkoho nyene, nivyo birwanisho vyafashwe n’igiporisi c’Uburundi ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Nzero 2019, ku rugo ruri muri karitiye ya Kinanira, kw’ibarabara Muremera, zone Musaga, igisagara ca Bujumbura.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ivyo birwanisho vyafatiwe ku rugo rw’uwitwa Hakizimana Serges asanzwe ari mu buhungiro.

Mu giporisi bavuga ko amakuru y’uko urwo rugo rurimwo ibirwanisho bayahawe n’abanyagihugu, abajejwe umutekano baca baja gusakayo. Muri iryo sakwa, haratowe kandi n’amasasu 13 y’inkoho ya Pistolet.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano ashikiriza ko amatohoza yamaze gutangura, akavuga ariko ko ivyo birwanisho vyari binyegejwe mu cumba ca nyene urwo rugo rusigaye rucunzwe n’umunyezamu gusa, kuko benerwo bahunze.

.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS