Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Ubushinwa ari mu rugendo mu Burundi

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Ubushinwa ari mu rugendo kuva kuri uwu w’Imana mu gihugu c’Uburundi. Kuri uwu wa mbere, CAO Jianming yahawe umubonano n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal Nyabenda, hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano Ndikuriyo.

Anicet Niyongabo, umuvugizi w’umukuru w’inama nkenguzamateka amenyesha ko Uburundi bwavuganye bwobandanya gufashanya n’igihugu c’Ubushinwa.

“Twavuganye ko twobandanya gufashanya cane cane mu vyerekeye gutanga inyigisho ku banyeshure b’Abarundi, ku bakozi ba Reta b’Abarundi, mbere n’abasirikare n’abaporisi, murazi ko bakunda kugenda mu gihugu c’Ubushinwa bakaronka inyigisho tubifashijwemwo n’ico gihugu.”

CAO Jianming icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’Ubushinwa azomara iminsi itatu mu rugendo arimwo mu Burundi.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS