Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Iddy Museremu yatowe nk’umukinyi yarushije abandi

Ikibanza c’umukinyi mwiza wa Primus League w’ukwezi kwa Ruhuhuma gihejeje gutahukanwa na Iddy Museremu, umusatirizi w’umurwi wa Messager Ngozi, akaba arushije babiri bariko barahiganwa aribo Kanakimana Bienvenu akinira Aigle Noir hamwe na Ndaye Chancel wa Rukinzo.

Ku ncuro yiwe ya mbere, Iddy Museremu atahukanye ako gashimwe ku manota agera ku bice 53,8 kw’ijana,  uwari yatahukanye ubushimwe bw’amezi yose y’iryo higanwa umwaka w’2018 ushira uwa 2019, ariwe Kanakimana Bienvenu yatahukanye ikibanza ca kabiri ku manota 33,9 kw’ijana, ikibanza ca gatatu naco kikaba kirimwo Ndaye Chancel ku manota 19,9 kw’ijana.

Ibirori vyo guha ako gashimwe Iddy Museremu bizobera kuri Centre Technique National mu Ngagara kuri uwu wa kabiri, aho Iddy Museremu asanzwe ari mu mwiherero w’ugutegura urukino Uburundi buzokina na Congo Brazzaville kuri uwu wa gatatu, mu nkino z’abadashikana imyaka 23.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS