Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Igice ca kane c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu : Uko imirwi izohura

Umurwi ujejwe amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi washize ahabona uko inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu (Coupe du Président) zizoba. Izo nkino zizoba kw’igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2019, zose zikazotangura isaha icenda.

Aigle Noir izohura na LLB4A ku kibuga c’i Muyinga, Rukinzo FC nayo itane mu mitwe na Kayanza United ku kibuga co mu Ruyigi.

Inter Star izotana mu mitwe na Messager Ngozi ku kibuga Ingoma c’i Gitega, Ngozi City nayo ikine na Musongati FC ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS