Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Igice ca nyuma ca “Isanganiro Awards” cungururijwe ku rindi sango

Umurwi ujejwe gutegura ihiganwa rya “Isanganiro Awards” wafashe ingingo y’ugusivya igice ca nyuma c’iryo higanwa cari gitegekanijwe kuba kuri uwu wa gatandatu igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba. Imvo nyamukuru y’ugusiba kw’ivyo birori, ni urupfu rwa Bruno SIMBAVIMBERE batazira Memba.

Nk’uko bishikirizwa n’uwo murwi ujejwe gutegura iryo higanwa, bashatse kwifadikanya n’umuryango w’abaririmvyi mu Burundi uri mu kigandaro, inyuma y’urupfu rw’umukuru w’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi (Amical des Musiciens du Burundi), Bruno SIMBAVIMBERE batazira Memba, yitavye Imana kuri uwu wa gatanu.

Isango rishasha ry’igice ca nyuma ca “Isanganiro Awards” rikaba rizomenyeshwa hanyuma.

Isanganiro Awards igeze ku ncuro y’indwi, ni ihiganwa rihuza indirimbo zakunzwe kuruta izindi, hagatorwa imwe ihabwa agashimwe.

Indirimbo cumi zigeze mu gice ca nyuma ni :

1.Iwacu by Bernice

2.Ku gatumba by Vichou

3.Siko yari by B.Face

4.Urukanywa by Peace and Love

5.Wangu by Natacha

6.No Love by SAT-B

7.Sabwe by Masterland

8.Polepole by Arnovic

9.Iyo mba by Big Fizzo

10.Suspens by Jay Fire

Bamwe mu baririmvyi bagize ico bashikiriza kuri urwo rupfu rwa Bruno SIMBAVIMBERE

NSENGIYUMVA MINANI Félicien agira ati : “Amaraso y’abandi musesa ntankeka azobahumira! Iruhukire mu mahoro y’Imana muvukanyi Memba. Sinzibagira ibihe bitandukanye vyiza na bibi twabaye kumwe na canecane mu buhungiro muri KONGO. Abakwatse ubuzima bihenze cane gose, baduhekuye, batubabaje cane. Ntankeka biyambitse umuvumo udahera imbere y’Imana. Ntankeka kandi ko urupfu nabo rubarindiriye rudashobora kubibagira, nkumbure bazopfa nabo nabi kurusha ivyo bagukoreye. Kirazira kwica, reke abandi bibereho nkuko namwe mwifuza kwiberaho! Aboba bazi abaduhekuye ndasavye ko bobashengeza. Abajejwe amatohoza nabo IMANA ibaje imbere, vuba cane Abarundi tumenye abakoze iryo bara maze baciriwe urubanza rw’akarorero gakomeye ku bandi bicanyi bose barajwe ishinga no gutoba umutekano w’Abenegihugu mu kwaka ubuzima abacu, abana b’Uburundi.”

NIMBONA Jean Pierre batazira KIDUMU nawe avuga ati : “Gupfa atemaguwe n’imipanga urupfu rwagashinyaguro ahuye nabagizinabi ni ibintu bibabaje cane . Jewe ivyo mvuga ndaza kubivugira mu Burundi kubera ndabivugiye ino muri Kenya ntaco bizoba bimaze . Turashaka umutekano kuri bose nukuri ! Leta nikore ibishoboka vyose mugutuza abagizibanabi hose aho bari kugirango abenegihugu nabandi baba mugihugu cacu batekanirwe.Imipanga vraiment !!!! Rest in Peace Member . Ugiye twari tumaze kwiyunga kuri boulevard de l’uprona kumusi wa Noel mvuye kuri jardin public . Ewe mukama wanje ! Abicanyi baremwe nande !? Kubera iki vraiment ?”

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS