Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Igiporisi c’Uburundi cemeza ko ubwicanyi bwakorewe Bruno Simbavimbere “Member” bwateguwe

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Petero Nkurikiye yemeza ko ubwicanyi bwakorewe Bruno Simbavimbere batazira “Member” ata sano bufitaniye n’abagizi ba nabi bitwaje imipanga bamaze iminsi bategera abantu mw’ijoro, muma zone ya Kinindo na karitiye ya Kibenga. Petero Nkurikiye amenyesha ko iyicwa rya “Member” ryateguwe, kandi ko n’amatohoza ageze kure kugira abagirizwa ico caha bafatwe.

“Ico twobabwira n’uko Bruno Simbavimbere atatemwe. aho amatohoza ageze uno munsi, urya muntu ntiyatemwe n’abo bantu bakunze kwitwa ba mipanga, nk’uko abantu bagiye barabivuga. Icabaye n’uko yari avuye mu giteramo, bamukuye mu giteramo, hama bamujana ahantu baramuboha, baramukubita ibintu vy’ivyuma, hama baraheza baramuzana ari intere bamuta harya hantu  yatowe hafi y’urugo rwiwe. Ubu rero aho amatohoza ageze, ababikoze bariko bararonderwa kugira bafatwe bashikirizwe ubutungane. Ariko ntaho basa basaniye n’abo bitwa ba mipanga.”

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko babandanya igikorwa c’ukurwanya abo bitwaza imipanga bategera abantu mw’ijoro. Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano asaba abanyagihugu kubandanya gukorana n’abajejwe umutekano, kuko kubw’igiporisi c’Uburundi, abo bategera abantu ni ab’aho nyene ubwo bugizi bwa nabi bukorerwa.

Bruno Simbavimbere batazira Memba umukuru wa “Amical des Musiciens du Burundi” yatowe hafi y’urugo rwiwe, yatemagujwe imipanga.

Bruno Simbavimbere yaciye ajanwa kuvurirwa mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled (Hôpital Roi Khaled), akaba ari naho yitabiye Imana inyuma y’indwi imwe ari mu cumba c’indembe (Réanimation).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS