Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Umumenyeshamakuru Pascal BUTOYI wa RTNB yasubiriye kwumvirizwa mu giporisi

Umumenyeshamakuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu c’Uburundi Pascal BUTOYI yafashwe n’igiporisi ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, yarekuwe mw’ijoro ryo kuri uwo munsi nyene, ariko akaba mu gatondo ko kuri uwu wa kane yasubiriye kwumvirizwa n’igiporisi, nk’uko vyemezwa na bamwe mu bakorana n’uwo mumemyeshamakuru.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo mumenyeshamakuru yafashwe mu gihe yariko afata amasanamu hafi y’ahari icicaro gikuru c’ibanki BCB mu gisagara ca Bujumbura, aho abadandaza ivyamwa mw’ibarabara bariko basaba ko umwe muribo yari yafashwe n’igiporisi arekurwa.

Mu giporisi c’Uburundi bagiriza abo badandaza ko bagize nimigumuko y’ugushigikira mugenzi wabo yari afashwe n’igiporisi, uwo mumenyeshamakuru nawe wa RTNB, Pascal BUTOYI akagirizwa ko yariko afata amasanamu atatumwe na RTNB, Petero NKURIKIYE agashikiriza ko amatohoza ariko arakorwa kugira barabe ko uwo mumenyeshamakuru atifadikanije n’abo badandaza muvyo igiporisi cise imigumuko yabereye mu gisagara ca Bujumbura.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS