Amakuru AgezwehoBurundi

Igiporisi kivuga iki ku gitero c’abitwaje imipanga kivugwa mu Ngagara ?

Amakuru abandanya guca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko muri zone ya Ngagara, karitiye ya kane na gatanu habaye igitero c’abasuma barenga 20 bitwaje imipanga n’imbugita, ayo makuru akavuga ko abo basuma binjiye mu mazu, batemagura abantu bongera barabiba. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ata gitero cabaye muri iyo zone ya Ngagara.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko ivyabaye ari umugabo yari atashe mw’ijoro, ashwana n’umurwi w’abasore bari bateramiye hafi y’aho aba.

“Nta busuma bwakozwe mu Ngagara na barya basuma bakoresha imipanga. Icabaye, hirya y’ejo mw’ijoro ni umuntu serugo yari atashe mu Ngagara karitiye ya gatanu ari mu modoka yiwe atahanye n’abana, hanyuma ashitse hafi y’aho aba, ahasanga umurwi w’abantu b’abasore bari bateramye, hanyuma bamera nk’abamubuza aho aca kugira yinjire aho aba. Niho baheza bakamubisa, haciye umwanya aca aza azanye icuma kugira akubite abo basore. Babonye agira abakubite icuma baciye bagenda baka umupanga umunyezamu yari hafi, baca bararwana n’uwo muntu nikwo kumukomeretsa kurya mwabonye.”

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bariko bararondera abo basore kugira bumvirizwe mu butungane, n’aho mu giporisi nyene bemeza ko uwo mugabo ariwe yasotoye abo basore barwanye.

 

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close