Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Igisata c’amahinguriro mu Burundi cinjiza ibice 17 kw’ijana vy’amafaranga Reta ikoresha

Igisata c’amahinguriro cinjiza amafaranga agera ku bice 17 kw’ijana vy’amafaranga Reta y’Uburundi ikoresha, abarundi nabo bagera ku bice 2 kw’ijana akaba aribo bakorera muri ico gisata c’amahinguriro. Umukuru w’ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi avuga ko ivyo bitigiri ari bito cane, mu gihe Uburundi busanzwe bufise ubutunzi kama butari buke.

Olivier Suguru asanzwe ariwe arongoye ishirahamwe ry’amahinguriro mu Burundi (AIB : Association des Industriels du Burundi) avuga ko ivyo bitigiri bishobora kuduga :

“Twarabonye y’uko igisata c’amahinguriro kiracari inyuma, turavye ibiharuro dukura hirya no hino, aho twasanze iki gisata c’amahinguriro, ubutunzi bw’igihugu bushobora gutanga intererano itarenga amafaranga ibice 17 kw’ijana. Ivyo biharuro birashobora guhinduka, dufatiye kuvyo igihugu gifise ku butunzi yaba ku vyerekeye ubutare, ico gisata tukabona ko gishobora gufasha kugira ubutare busanzwe buri mu gihugu bushobore guhingurwa, dushobore kuronka amafaranga y’agaciro, dushobore gushora ibintu hanze, dushobore gusahiriza ivyerekeye uburimyi n’ubworozi.”

Olivier Suguru, umukuru wa AIB yabishikirije kuri uwu wa gatatu, mu kiganiro c’ukumenyesha ihayanishwa ry’amahinguriro rizoba ku kwezi kwa gatandatu, akaba yamenyesheje ati :

“Uno munsi twaramutse tubamenyesha ko igice ca kabiri c’ihayanishwa ry’umwaka w’2019 rizotangura mu kwezi kwa gatandatu, rikazomara iminsi, kuva itariki 13 gushika itariki 15. Kazoba akaryo ko kwerekana ivyo dusanzwe duhingura mu mahinguriro yacu, ku vyerekeye akarere dusanzwe duhuriyemwo n’ibindi bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko, ndetse habe n’inyigisho zifatiye ku vyiyumviro, aho hazoshobora kuba ivyigwa, abantu bahanahane ivyiyumviro bizodushoboza kwubaka amahinguriro yacu kugira tubandanye dutera imbere.”

Iryo hayanishwa rizobera kw’ihoteri Club du Lac Tanganyika.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS