Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Igisirikare ca Somaliya cashikirijwe kimwe mu bibanza vyahora bicunzwe n’Abasirikare b’Abarundi

Abasirikare b’Abarundi batanguye gusubiza bimwe mu birindiro bahora bakorerako mu gihugu ca Somaliya, amakuru dukura muri ico gihugu akamenyesha ko Uburundi bwoba bwemeye gushira mu ngiro ingingo y’ubumwe bwa Afrika y’ugutahukana abasirikare bagera ku gihumbi. Abagera ku majana ane nibo bamaze gutahukanwa i Bujumbura.

Abo basirikare batashe mu mirwi ibiri. Amajana abiri n’umwe ba mbere baje ku munsi wa kane w’indwi iheze, abandi 171 bashitse ku munsi wa gatandatu basanga abandi 28 bari mu karuhuko mu Burundi. Ku gihumbi bategerezwa kuba batashe kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2019, abasirikare b’Abarundi 600 nibo bagisigaye muri Somaliya.

Kuri uwu wa kane niho habaye ibisikanya (Remise et reprise) ku kibanza “Site Académie” cahora gicungerewe n’abasirikare b’Abarundi kuva mu 2008. Iryo bisikanya ryabaye hagati y’abasirikare b’Abarundi n’igisoda ca Somaliya cari caserukiwe muri ivyo birori na Mahadi M. Guuled icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya.

Mu gihe Uburundi bwari bwiyamirije iyo ngingo bugasaba ko yosubirwamwo, mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bashikirije ko iyo ngingo ari ntabanduka, n’aho Uburundi bwavuga ukugabanya abasirikare bari muri Somaliya vyokora ku bihugu vyose bifise ingabo muri ico gihugu.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka zashikirije ko iyo ngingo idasubiwemwo, Uburundi buzokura muri Somaliya abasirikare bose, bahakubanwe mu Burundi.

Abasirikare b’Abarundi bari mu gihugu ca Somaliya kuva mu mwaka w’2007, abasirikare 5400 akaba aribo bari bagiye kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya. Ku bwinshi bw’ingabo ziri muri Somaliya, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri, inyuma ya Uganda.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS