Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu : Uko imirwi izohura mu gice ca kane gishira ica nyuma

Ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu rigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma rizobandanya kuri uwu wa gatandatu ku bibuga bitandukanye. Imirwi umunani niyo isigaye mw’ihiganwa, ikaba izohura uku gukurikira.

Rukinzo FC izokina na Kayanza United ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi.

Ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, Inter Stars izokina na Messager Ngozi, i Muyinga naho ku kibuga Umuco, Aigle Noir FC nayo ihure na Lydia Ludic.

I Bujumbura ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Ngozi City izokina na Musongati FC.

Mwomenya ko izo nkino zose z’igice ca kane gishira ica nyuma zizobera ku munsi umwe kuri uwu wa gatandatu, hamwe n’isaha imwe ariyo isaha icenda (15h).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS