Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ijambo ry’Umukuru w’Igihugu ku munsi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

 

  1. Mudukundire tubanze gukengurukira Imana Mushoboravyose, yadushikanye kuri uno umusi turamutse duhimbaza imyaka 29 tumaze twiyemeje amasezerano y’Ubumwe bwacu. Nihabwe icubahiro kirengeye vyose hanyuma ikomeze kugorora inzira zacu kuko na kare ivy’ejo tubihabwa n’Imana.

 

  1. Kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka w’1991, Abarundi barabigeze barabigerura, barakubitaza agatima mpembero, barabona ko ata yindi nzira y’urukiza yobashikana ku mahoro arama atari ukugaruka kw’iragi rya ba Sokuru na ba Sogokuruza bari bubakiye igihugu ku bumwe, maze basezerana kubana mu bumwe.

 

  1. Turipfurije umusi mukuru mwiza w’Ubumwe Abarundi bose iyo bava bakagera, bagire amahoro ashamikiye ku bumwe, ubumwe buvuye ku mutima w’urukundo, baheze bacire i moso ico cose coza kibatandukanya canke kibacanishamwo, bamize ku muzirikanyi ko ico bapfana kiruta ico bapfa.

 

  1. Duhimbaje uyu musi ku civugo c’ukwezi kwa kabiri kivuga kiti, « Ubumwe ni iragi twarazwe na basokuruza bacu, tubugire umutahe ibihe vyose na hose, n’inkinzo y’Uburundi».

 

  1. Uwu musi ni akaryo keza ko gusuzuma intambwe tugezeko, umusi wo gushima ibimaze gushikwako no kwibutsa Umurundi wese uruhara rwiwe mu kugendera no gutsimbataza Ubumwe, kugira ngo ibisebuzi igihugu caciyemwo tubikingire abana, abuzukuru n’abuzukuza bacu.

 

 

 

 

 

 

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

 

  1. Mu mateka y’Uburundi imbere y’umuzo wa ba Kavantara, ntaho twigeze twumva Abarundi bacanyemwo. Ikibabaje umwe caraza ishinga uwundi, umwe avunitse uwundi agacumbagira. Uburundi ryari ibere ryonsa bose, Ubumwe na bwo bukaba ishingiro n’ishimikiro ryo kubaho kw’Abarundi. Aho hambere, Abarundi barasangira impuzu ngo ihere bagasangira ipfundo ;baraja inama Imana ikabunganira. Basangira ikivi n’ikigega, akabisi n’agahiye, bakama bazirikana ko basangiye ugupfa n’ugukira.

 

  1. Ubumwe bw’Abarundi bwaragaragara mu mico n’akaranga vyabo, tutirengagije ko mbere banabushushanya mu bimenyetso nk’amasaka bita amasaka y’amashirahamwe, mu myibutsa, imigani n’ibitito, mu gusangira bisanzwe aho uwuhishije yatumira ababanyi, mu kumariranira imanza no gutererana, guhinda ikibiri, kuragirana, guhumbira no gufasha uwubuka inzu, guhuriza amaboko mu bwato, n’ibindi vyinshi nk’imvyino n’intambo.

 

  1. Karyanishamiryango yasanze Abarundi bavuga ururimi rumwe, bemera Imana imwe na Kiranga yabarangira inzira zigana ku Mana, bakayoboka Umwami umwe Sebarundi Gahuzamiryango, bagahuzwa n’Umuganuro uko umwaka utashe.

 

  1. Karyanishamiryango yaciye yihutira gusenyura izo nkingi z’Iteka n’Itekane vy’Uburundi, buke buke urwanko rusubirira urukundo, ukwinubana no gukumirana bifata icicaro mu Burundi, urwiri ruganza urwamfu, Ubumwe buratosekara, umubano mwiza n’ukwizerana biratituka.

 

  1. Basokuruza barayamaze ngo: « ukwo imvura ikuvye si ko itwara ». Harabonetse imboneza zihabuza Ubumwe zongera zirabuhagararira kugeza n’aho zibuzira.

 

  1. Akorero ni Umuganwa Rudoviko Rwagasore, Umushikirangoma wa mbere Petero Ngendandumwe, Umwami Ndizeye Karori, Nyenicubahiro Merikiyoro Ndadaye, Nyenicubahiro Ntaryamira Sipiriyano, n’izindi mfura z’Uburundi nyinshi.

 

  1. Aha twokwibutsa ko uruhara rw’Abarundi b’ibihemu mw’igandagurwa ry’izo mfura z’Uburundi rwabaye runini mu gufashanya n’Abakoroni guhekura Abarundi.

 

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

 

  1. Amoko y’amomekerano yahawe Abarundi hisunzwe ibipimo bitagira umutwe n’amaguru ni yo yabaye intandaro y’akaranda karandagase Abarundi cane cane mu myaka y’1961, 1965, 1968, 1972, 1988, 1993 n’inyuma yaho.

 

  1. Inyuma y’ubwicanyi bwasinzikaje amakomine ya Ntega na Marangara mu mwaka w’1988, abari barongoye Uburundi baragerageje gusukamwo mabisi, ariko vyabaye impfagusa kuko ntibinjiye neza mu mamo n’amamuko y’amacakubiri mu Burundi. Kwabaye ukuyeyembeza no gukangarizako, maze budakeye kabiri amazi yatekewe mu rukangaga bayabura aho bayabonye.

 

  1. Kuva mu mwaka w’2005, harakozwe vyinshi bigaragara mu ntumbero yo kugarukira Ubumwe bw’Abarundi. Iruhande y’Amajambo n’Inyigisho biremesha Ubumwe, ntawokwibagira Ingingo n’Ibikorwa bigaragaza Ubumwe nk’Ibikorwa vy’iterambere rusangi, amakoperative, umusi wahariwe Komine, umusi wahariwe gushigikirana, igenwa ry’abagize Umugwi wo gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi, abagize Inama y’Igihugu ijejwe Ubumwe no kunywanisha Abarundi, abagize Inama y’Igihugu ijejwe gukinga no kurwanya ihonyabwoko n’ibindi vyaha vy’agahomerabunwa, n’ibindi. vyinshi.

 

 

  1. Ibikorwa vyarakozwe ariko twibukanye ko bidahimbara abansi b’Ubumwe. Ntidusye bwose rero canke ngo turyame umukondorazosi, kuko hariho abaribga no kubona Abarundi batekanye, basangira akabisi n’agahiye.

 

  1. Igihe cose babonye igihengeri bameneramwo baca batangura gucanishamwo abonse rimwe, bitwaje amoko y’amomekerano, intara, imigambwe, amadini n’ibindi. Twame twibuka ko « Ibihengeri mu ruhongore bitera imfyisi umwete».

 

  1. Turasavye ko atawohirahira ngo asubire guhenda, canke kudurumbanya Abarundi. Turizeye ko Inyigisho zo kuzirikana Igihugu tumaze imyaka itatu turemesha zajijuye Abarundi benshi n’aho atari bose. Twizeye ko atabakijana nyabahururu, kandi ko abazogerageza gucuvya Abarundi bazomaramara kuko « Ntawutera icumu mw’Icumi ».

 

  1. Intumva ntizibura, ariko twozisaba kutigerezako kuko bizobagora kuronka aho bamenera. Wa wundi ati : « Ngerageze wa Ngerageze yaburanye Ruvyironza ngo ni umwaba wa Se», baragerageza turabe, ariko sinzi ko bazokwererwa, kuko ngo : « Agapfa kaburiwe ni impongo », kandi ngo : « Ifuku itazi agaheza ishora agatwe ku mushibuka » ;

 

Barundi, Barundikazi, Bakunzi b’Uburundi;

 

  1. Igikorwa co gutsimbataza ubumwe ni uguhozako. Muri kano kanya rero, Twashaka tubayagire zimwe mu nkingi twokwubakirako Ubumwe:

 

  • imico n’imigenzo ni vyo vyari iremezo ry’igihugu, umushinge wubakiweko amabanga y’igihugu. ivyo vyatuma abantu babana neza mu mahoro nka benemugabumwe. Twese tubwirizwa kugarukira imico n’akaranga vyaranze basokuruza, ahanini vyasambuwe n’abakoroni, vyunyurwa n’abayoboke babo kugeza ubu, biciye mu nyifato igayitse yo guhemukira igihugu na beneco.
  • Abana barereshwa kirazira, ikiyago co ku ziko kikaba nk’ishure bigiramwo ubuntu, akaranga, imico n’imigenzo, kakaba n’akanya ko kwamirira kure ingeso mbi. Twese dutegerezwa kuvira hasi indero kavukire, yo remezo n’akarangamutima vy’Abarundi babushitse kandi biyubaha.

 

  • Kuva kera na rindi Abarundi bamye baganira, bakirinda gufata ingingo za gihutihuti, ikizazaniye umuntu akakibaza uwumukurira kuko ngo: « imende yarihuse ihusha umwobo»; kandi ngo: « Nta mukuru abura mukuruwe». Twige kubaza umutima no guhanuza.

 

  • Abarundi tumenye ahari ubupfu n’ahari uburame maze dutandukanye intore n’intobo. Tugendere iragi ry’Urukundo n’ubumwe vyaranze basokuruza, na kare ngo: « ugendera mu makanda y’inzovu ugakira urume».

 

  • Abarundi bo hambere bahimbarwa no kurya ivyo babiriye akuya. Muze rero dukunde ibikorwa, twirinde gusesagura canke gusahura itunga rusangi, nk’uko vyibonekeza muri kino gihe aho usanga abungere bamwe bamwe bona gusumba izo baragiye.

 

  • Ubumwe ni inkingi ikomeye dutegerezwa kwishimikiza. Twijukire ibiduhuza vy’ingirakamaro mu kuja hamwe mu makoperative y’iterambere no mu mashirahamwe. Ntihakongere kubaho Umurundi nyamwigendako kuva ubu.

 

  • Twirinde guhurumbira inyungu zitera iceyi zigatitura iteka ry’igihugu mu kwamirira kure ba ndayamutaye na ba mpemukendamuke, bararaza, bagartyoza igihugu cabibarutse, bitwaje ngo « Indahiro mbi ntigwaza mu nda», canke ngo « Inrya y’umugayo irya umugabo». Tubasaba kuva i buzimu bakagaruka i buntu kuko na kare barayamaze ngo « Umwana yisema avuma ibere ryamwonkeje ».

 

 

 

Barundi, Barundikazi ; Bakunzi b’Uburundi ;

 

  1. Ibihugu vyose biragira abansi n’abakuzi. Abakunzi turabashimiye twongera tubamenyesha ko tuzirikana ko «Umugabo umumwera ubwanwa kugira ngo nawe azokumwere ubwawe». Abansi bacu nabo nibatsindwe bemere, batureke twiyubakire igihugu cacu, badusonere nk’uko dusonera ibindi bihugu.

 

  1. Mu ntumbero yo gutsimbataza no kugaragaza wa mutima w’Ubumwe, tubasavye kugarukira kuri benewacu bamaze imisi bashikirwa n’ivyago vy’imvura nyinshi itwara ibintu n’abantu, twerekane umutima w’urukundo mu guterera umwe umwe wese ico ahambije twongere turemeshanye.

 

  1. Twame tuzirikana kandi ko Ubumwe atari igisomwa canditse. Eka si ururirimbo canke uruvyino, kandi si ibendera rihungabana canke icibutso ico ari co cose. Ubumwe nyabumwe bubonekera mu kubaho, bukomoka muri kamere na kameremere vy’umuntu, bukagaragazwa n’imvugo ijana n’ingiro, ubumwe nyabumwe tububonera mu vyamwa, mu mubano mwiza hagati y’abantu, mu buzima bw’igihugu aho beneco bumva batunganiwe bose kandi ko bafashwe kumwe.

 

  1. Ntitworangiza tudasubiriye gutera akamo Abarundi bose ngo tuvire hasi rimwe twubake igihugu cacu mu kwitorera indongozi, dutsimbataze domokarasi, dushikane Igihugu cacu kw’iterambere rirama kandi ridakumira, kandi twamize ku muzirikanyi ko « Ubumwe ari iragi twarazwe na ba sokuruza bacu, tubugire umutahe ibihe vyose na hose, n’inkinzo y’Uburundi».

        

           Tugire amahoro, Ubumwe, Ibikorwa,

           Iterambere n’Ubutungane kuri bose.

           IMANA IHEZAGIRE UBURUNDI N’ABARUNDI,

 

                                   MURAKOZE

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS