Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ikigo IGEBU kivuga iki ku gihuhusi gishobora gutera Uburundi ?

Ubuyobozi bw’ikigo IGEBU kijejwe ivy’ihindagurika ry’ibihe bumenyesha ko igihuhusi c’umuyaga “Cyclonne kenneth” kitazoshika mu Burundi, kuko kiriko kirasubira inyuma.

Mu gihe hari amakuru acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko Uburundi bubangamiwe n’ico gihuhusi gishobora gutera mu Burundi, Augustin Ngenzirabona umuyobozi mukuru wa IGEBU avuga ko ico gihuhusi cataye inguvu kigeze mu buseruko bw’igihugu ca Tanzaniya, kubera imisozi iri muri ico gihugu.

Inyuma y’ugutakaza inguvu, nk’uko bishikirizwa na Augustin Ngenzirabona, ico gihuhusi ikiriko cerekeza mu gihugu ca Mozambique.

Uwo muyobozi wa IGEBU amenyesha kandi ko ayo makuru y’ico gihugu atari yatanzwe na IGEBU :

“Twebwe iminsi yose turiko turaraba ivy’ibirere tworemesha Abarundi, ivyo bavuze sivyo, ntikizoshika vuba, naho coshika kizoba ari ikindi kivuye ahandi mugabo ico bavuze ntikizoshika.”

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS