Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ikigo mpuzamakungu c’amakoraniro kigiye kwubakwa i Bujumbura

Inama nshikiranganji y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko rivuga ko hagiye kwubakwa ikigo mpuzamakungu c’amakoraniro i Bujumbura (Centre de Congrès International de Bujumbura). Inyubakwa ry’ico kigo ikaba izotwara amafaranga ari hagati y’imiriyoni 31 na 33 z’amadorare y’abanyamerika. Ico kigo kizokwubakwa kw’ihegitari zitanu n’igice.

Nk’uko bishikirizwa na Prosper Ntahorwamiye umuvugizi wa Reta y’Uburundi, umugambi w’ukwubaka ico kigo mpuzamakungu c’amakoraniro i Bujumbura watangujwe n’umuyobozi mukuru wa “Club du Lac Tanganyika” Alfredo Frojo, akaba ariko asaba ko yohabwa uturusho mu bijanye n’amakori ku myaka 15 kugira uwo mugambi ushobore kurangurwa neza.

Mu bijanye n’itunganwa ry’ibikorwa vy’ico kigo, Alfredo Frojo umuyobozi mukuru wa “Club du Lac Tanganyika” yashikirije ko hoshirwaho ishirahamwe « Burundi Congres and Business Center » rizokurikirana ibikorwa vy’ico gikorwa, Reta y’Uburundi ikazoba ifisemwo umutahe ungana n’ibice 20 kw’ijana, ihoteri “Club du Lac Tanganyika” yazanye iciyumviro ikazoba ifise umutahe w’ibice 60 kw’ijana, nayo Alfredo Frojo umuyobozi mukuru wa “Club du Lac Tanganyika” akazoba afise umutahe w’ibice 20 kw’ijana.

Inama nshikiranganji y’Uburundi yaremeje integuro y’uwo mugambi w’ukwubaka ico kigo mpuzamakungu c’amakoraniro i Bujumbura, ariko Reta y’Uburundi ikaba yasavye ko ababijejwe borikanura, mu bijanye n’itunganwa ry’ico kigo hamwe n’amasezerano mu bijanye n’amafaranga, kugira inyungu za Reta y’Uburundi zizokwubahirizwe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS