Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Imiduga ya Handicap International yatanzwe ku mashirahamwe yo mu Burundi

Bimwe mu bikoresho vy’ishirahamwe mpuzamakungu Handicap International rifasha abagendana ubumuga vyatanguye guhabwa amashirahamwe atandukanye yo mu Burundi afasha abagendana ubumuga. Ivyo bikoresho vyatanzwe na Reta y’Uburundi bigizwe n’imiduga 15 hamwe n’amapikipiki 13.

Ivyo bikoresho vyahora ari ivya Handicap International vyatanzwe na Gamaliel NKURUNZIZA, umuyobozi mukuru wo mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu a, Gamaliel NKURUNZIZA aremesha abahora bafashwa na Handicap International ko Leta igiye kurondera abandi bagiraneza bobashigikira.

Ivyo bikoresho vya Handicap International bitanzwe inyuma y’aho ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bufashe ingingo y’ukubuza ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abagendana ubumuga (Handicap International) kugurisha icamuranara ibikoresho iryo shirahamwe ryahora rikoresha mu Burundi, inyuma yaho iryo shirahamwe rihagarikiye ibikorwa vyaryo mu Burundi.

Kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2019, ishirahamwe Handicap International ryasohoye itangazo, rimenyesha ko ririko riragurisha icamunara ibikoresho ryahora rikoresha. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bavuga ko iryo tangazo rihonyanga amategeko kuko mu masezerano Handicap International yagiranye na Reta y’Uburundi handitse ko iryo shirahamwe rihagaritse gukorera mu Burundi rizoca rishikiriza ibikoresho vyaryo ishirahamwe rimwe rikorera mu Burundi, kandi risanzwe rikorana na Handicap International, bitabaye uko naho Reta y’Uburundi akaba ariyo yitorera ishirahamwe iha ivyo bikoresho.

Mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, mw’itangazo basohoye bamenyesheje ko arico gituma bahagaritse igurishwa icamunara ry’ibikoresho vya Handicap International.

Reta y’Uburundi yaciye ifata ivyo bikoresho birimwo n’imiduga y’iryo shirahamwe, ari navyo vyashikirijwe amashirahamwe yo mu Burundi akorera mu bisata bifasha abagendana ubumuga.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS