Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Imiduga yunguruza abantu benshi mu mwanya umwe igiye gutangura gukorera i Bujumbura

Umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu yemeza ko Reta y’Uburundi yagiranye amasezerano n’abantu bazozana imiduga minini ishobora kwunguruza abantu benshi mu mwanya umwe, mu ntumbero y’ugukemura ikibazo c’ubukene bw’imiduga yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura.

Jean Bosco Ntunzwenimana umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu avuga ko iyo miduga izoba ifise ubushobozi bw’ukwunguruza abantu amajana umunani na mirongo ine n’icenda (849) mu mwanya umwe, iyo miduga ikaba izokorera mu gisagara ca Bujumbura gusa.

“Nobamenyesha ko hariho amasezerano twasinye n’umuntu ashobora kuzana imiduga ifise ibibanza 60 n’iyindi ifise ibibanza 80. Nibaza neza y’uko mu minsi ya vuba muzoyibona. Iyo miduga izoba ije gukorera aha mu gisagara gusa. Twasinyiranye ko iyo miduga ikorera mu gisagara gusa, kandi n’abandi bariko baraza tubona y’uko nabo nyene bariko bararondera kuzana imiduga kugira ishobore gukora ngaha mu gisagara ca Bujumbura.”

Umushikiranganji Jean Bosco Ntunzwenimana yabishikirije kuri uwu wa kane mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka. Bimwe mu bibazo yabajijwe ni ico c’ukwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura, aho hibonekeza imirongo minini y’abantu baba bavuye ku mirimo itandukanye bashaka gutaha, ariko bakamara umwanya munini batondeye imiduga ibunguruza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS