Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Imiriyoni 79 z’amarundi zatanzwe n’amashirahamwe icenda nk’intererano ku ntamba mu rugamba (Vidéo)

Amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni 79 niyo yatanzwe n’amashirahamwe icenda kuri uwu wa kabiri, mw’isekeza “Dushigikire Intamba Zacu”, mu ntumbero yo gushigikira umurwi Nserukiragihugu Intamba mu rugamba witeguriye gukina inkino za CAN 2019 mu Misiri.

Ayo mashirahamwe yatanze intererano ku ntamba mu rugamba ni:
-Musumba Steel : 20.000.000 fbu
-BBC : 10.000.000 fbu
-FENACOBU : 10.000.000 fbu
-REGIDESO : 10.000.000 fbu
-IMENA soma usubire : 10.000.000 fbu
-SOSUMO : 5.000.000fbu
-Shanghai Homoport : 5.000.000 fbu
-KCB : 5.000.000 fbu
-UNIPHARMA : 4.000.000 fbu

Tubibutse ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryatunganije umunsi witiriwe “Intamba Day” uzoba kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2019. Kuri uwo munsi, abakunzi b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi bazohabwa akaryo k’uguterera Intamba mu rugamba, mu rukino ruzohuza Uburundi n’umurwi wa Aigle Noir usanzwe uri mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Primus Ligue. Kwinjira kuraba urwo rukino ni amafaranga ibihumbi bitanu ku nkengera (Pourtour).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS