Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Imiriyoni icenda zibwe kuri RESTAURANT-BAR OASIS

Abantu batatu bitwaje inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalashnikov bivye amafaranga agera ku miriyoni icenda z’amarundi, bagenda batwaye n’inyabwonko imwe, hamwe na Terefone ngendanwa.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bitwaje inkoho binjiye mu bunywero « RESTAURANT-BAR OASIS » buri muri zone Rohero, komine Mukaza igisagara ca Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu, bugariza abakora ngaho bose, bagenda bivye ayo mafaranga hamwe n’ivyo bikoresho bindi.

Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko inyamiramabi yishikiye ahabereye ubwo busuma, bane mu bakozi bikekwa ko bakoranye n’abo basuma batabwa muri yompi ku mvo z’amatohoza.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS