Amakuru AgezwehoBurundiInkino

Imirwi ine igiye kubandanya ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu yamenyekanye

Igice ca kane gishira ica nyuma c’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu gihejeje kurangira ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu mu nkino zabareye ku bibuga bitandukanye. Imirwi ine niyo isigaye mw’ihiganwa, ikaba igiye kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma.

Ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, Messager Ngozi ihejeje gusezera ihiganwa, kuko yatsinzwe na Inter Stars ibitsindo bine kuri bibiri.

Aigle Noir isanzwe ariyo ifise igikombe c’ihiganwa rya Primus Ligue yirahiye Lydia Ludic ibitsindo bitatu ku busa, i Muyinga naho ku kibuga Umuco.

Musongati FC yatsinze kimwe ku busa na Ngozi City ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, Rukinzo FC nayo nyene itsinda kimwe ku busa Kayanza United, ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi.

Imirwi ine niyo igiye kubandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, iyo nayo akaba ari Inter Stars, Aigle Noir, Ngozi City, hamwe na Rukinzo FC.

Tags
Show More

Related Articles

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Close