Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Inama nshikiranganji y’Uburundi yakoranye ubwa mbere mu nyubakwa nshasha y’ibiro vy’umukuru w’igihugu

Inama nshikiranganji y’Uburundi yakoranye kuri uwu wa gatatu ku ncuro ya mbere mu nyubakwa nshasha y’ibiro vy’umukuru w’igihugu yubatswe mu Gasenyi, mu ntara ya Bujumbura. Integuro z’amategeko atanu nizo ziriko zirirwa n’abagize Reta y’Uburundi muri iyo nama nshikiranganji izomara iminsi ibiri. Muri izo nteguro, harimwo integuro y’itegeko rivuga amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2019 ushira uw’2020 yashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta.

Iyo nteguro y’itegeko yizwe inyuma y’aho inama nshingamateka y’Uburundi imenyeshereje ko iyo nteguro itari mu mategeko abashingamateka bazokwiga bakongera bakemeza mu bikorwa vy’ukwezi kwa kane vyatanguye kuri uwu wa mbere igenekerezo rya mbere Ndamukiza 2019. Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka y’Uburundi yari yasavye Reta y’Uburundi ko yokora ibishoboka vyose iryo tegeko rirungikwe vuba mu nama nshingamateka kugira abagize iyo nama nshingamateka baronke umwanya ukwiye w’ukwiga hamwe n’ukwemeza iryo tegeko.

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS