Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Inama y’abepisikopi Katorika bo mu Burundi irarajwe n’ubusuma bw’abitwaje inkoho bwibonekeza

Inama y’abepisikopi Katorika bo mu Burundi irarajwe ishinga n’ingwara ya Malariya yasubiriye kwibonekeza mu ntara zitandukanye z’Uburundi.

Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongoye inama y’abepisikopi b’Uburundi avuga kandi abasenyeri Katorika b’Uburundi barajwe ishinga n’ubusuma bwibonekeza, harimwo n’ubw’abakoresha inkoho :

“Abepisikopi barahagaritswe imitima n’ukwumva ko ingwara ya Malariya yasubiriye kuba ndanse mu mihingo myinshi y’igihugu. Barababazwa kandi n’ukwumva ko n’ahatari hake, hari n’ayandi mabi aguma yibonekeza, nk’ubusuma butandukanye burimwo mbere n’ubugirwa n’abitwaje ivyuma bicira umuriro, buheza bugahitana ubuzima bw’abantu, nk’ubushingiye ku gutwarana uburozi, n’urudandazwa rw’abigeme ruvugwa mu turere tumwe tumwe tw’igihugu.”

Inama nkuru y’abisikopi yabishikirije mu nama yayo isanzwe yabaye muri uku kwezi kwa gatandatu.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS