Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Inama y’ibihugu 11 ivuga urucanco muri Afrika yo hagati yatanguye i Bujumbura

Uburundi bwakiriye kuri uwu wa kabiri inama ihuza abakora mu gisata c’amagara y’abantu bo mu bihugu 11 vyo muri Afrika, bakaba ariko barabira hamwe ibijanye n’incanco muri Afrika.

Ivyo bihugu vyakoraniye i Bujumbura biriko birabira hamwe umwimbu vyaronse na cane cane mu gucanca abana. Mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bamenyesha ko iyo nama ifise akamaro kanini, kuko ivyo bihugu biraheza bikunguranya ubumenyi, hakaba n’uguhanahana ubuhinga.

Iyo nama yuguruwe na Muganga Thaddée NDIKUMANA umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yamenyesheje ko muri iyo nama barabira hamwe n’ibiharuro vy’ingene ibiharuro vy’urucanco bimeze, imbere y’uko babirungika mw’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS :

“Ivyo biharuro imbere y’uko tubirungika mw’ishirahamwe mpuzamakungu OMS tuba twagiye hamwe tukabona ko arivyo. Ico gihe rero umushikiranganji w’amagara y’abantu muri ivyo bihugu cumi na kimwe araheza akarungika icegeranyo mw’ishirahamwe mpuzamakungu OMS, ivyo navyo tukazoca tubikorerako mu nama yimirije yama iba uko umwaka utashe, ihuza ibihugu vyose bihurikiye muri OMS kw’isi, izoba mu kwezi kwa gatanu i Geneve mu Buswise.”

Iyo nama ibaye inyuma y’incanco ziheruka gutangwa mu Burundi, uruherukirwako akaba ari urwa mugiga. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée NDIKUMANA avuga ko Uburundi bufise ibiharuro vyiza mu karere burimwo, kuko bushikana ibice hafi 90 kw’ijana vy’abaronka urucanco.

Iyo nama yatanguye kuri uwu wa kabiri izosozerwa ku munsi wa gatatu, ikaba yakoranire Uburundi bwakiriye iyo nama, Angola, Cameroun, Congo, Gabon, Guinée Equatoriale, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Madagascar, Tchad, Centrafrique, hamwe na SaoTomé et Principe.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS