Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ingendo z’Abarundi baja muri Congo baciye ku kivuko ca Rumonge zahagaritswe

Buramatari w’intara ya Rumonge Juvenal BIGIRIMANA yafashe ingingo y’ukuba arahagarika ingendo z’Abarundi baja muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo baciye ku kivuko c’intara ya Rumonge. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho Abarundi barenga mirongo itanu bagarutse bava mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bakaba bari bagiyeyo ku munsi wa kabiri w’indwi iheze, baciye ku kivuko ca Rumonge. Bavuga ko bagezeyo bakubiswe, bongera barapfungwa.

Abo barundi bagera kuri 54 bamenyesha ko bashitse mu ntara ya Kivu, abasirikare ba Congo babafashe babatwara gupfungirwa mu gisagara ca Baraka kiri muri Kivu y’ubumanuko, mu nyuma bungururizwa i Uvira, aho bakubiswe cane, basinzikarizwa ubuzima.

Abo barundi bavuga ko bitumvikana ingene bafashwe kandi bari bitwaje impapuro zemewe n’amategeko zibaha uburenganzira bw’ukwinjira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Basaba ko Reta y’Uburundi yovugana na Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira ibibazo vy’uruja n’uruza rw’abantu muri ico gihugu bitorerwe inyishu.

Buramatari w’intara ya Rumonge yabaye arafata ingingo y’uguhagarika uruja n’uruza rw’Abarundi muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo baciye ku kivuko ca Rumonge. Juvenal BIGIRIMANA arongoye intara ya Rumonge avuga ati : “Muri uwu mwanya batabakeneye ni uko bohagarika, babanze babangire, nivyagenda neza tuzobimenya, bazoheza bajeyo.”

Juvenal BIGIRIMANA ahamagarira Abarundi baja kurima muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo ko borima mu Burundi, bakarima kijambere bateze imbere igihugu cabo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS