Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ingene Conapes yakiriye ingingo y’ukuriha amafaranga y’ukugura igitenge abigisha bazokwambara

Umushikiranganji w’indero yatanze itegeko ko abakozi bose b’ubwo bushikiranganji harimwo n’abigisha bariha amafaranga ibihumbi cumi n’umunani n’amajana atanu (18.500 Frs) azokoreshwa mu kugura igitenge abo bakozi bazokwambara ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2019. Muri Sendika CONAPES basaba ko bobanza kugishwa inama imbere ayo mafaranga atozwa.

Emmanuel Mashandari arongoye Sendika CONAPES arashima ko abigisha bose boba bambaye umwambaro umwe kuri uwo munsi mukuru, ariko agasaba ko bobanza bakagishwa inama kugira bitorere igitambara c’umwambaro bokwama bambara no mu yindi mikuru yose nk’iyo, ntibazosubire gutangishwa ayandi mafaranga.

“Ntitworondera ibitenge twambara rimwe bigaca biseruka, hagaca haza uwundi munsi mukuru ngo zana ikindi gitenge, ugaca umenga ni ibintu vy’uko umwarimu boguma bamwaka amafaranga umwanya wose. Ntitwanse ko twogira umwambaro, mbere ni na vyiza dushajije tukaja hamwe n’abandi, mugabo twebwe ico dusaba n’uko borondera igitambara ciza ciyubashe, atari ivyo bitenge bimara iminsi ibiri, ku buryo n’uwuzoba yayishonesheje azoyambara ku minsi mikuru itandukanye, ishobora gushikana imyaka itatu canke ine. Ntituvyanse ariko nibatugishe inama tubereke umwambaro twobona woba ukwiriye.”

Mw’ikete umushikiranganji w’indero Janvière Ndirahisha yarungikiye abayobozi batandukanye bo muri ubwo bushikiranganji, yabamenyesheje ko ayo mafaranga y’ukugura ibitenge azotegerezwa kuba yashikanywe mu bushikiranganji kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2019.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS