Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ingingo y’ukuduza ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI yahagaritswe

Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwahagaritse ingingo yari yafashwe n’ishirahamwe BRARUDI y’ukuduza bimwe mu binyobwa bihingurwa kandi bidandazwa n’iryo shirahamwe.

Umushikiranganji Jean Marie NIYOKINDI ashikiriza ko iyo ngingo y’ishirahamwe BRARUDI y’ukuduza ibiciro vya bimwe mu binyobwa vya BRARUDI yafashwe Reta y’Uburundi itagishijwe inama, kandi ko itubahirije ibijanye n’iduzwa ry’ibiciro.

Umushikiranganji NIYOKINDI ashikiriza ati : “Twipfuza kumenyesha y’uko ivyo biciro tutavyemeye, ibiciro vy’ivyo binyobwa biguma uko vyari bisanzwe biri.”

Muri ubwo bushikiranganji basaba BRARUDI ko yohagarika iyo ngingo gushika umunsi izosubirwamwo hagati ya BRARUDI na Reta y’Uburundi, babanze guhuriza ku gihe kibereye yofatwa, ababijejwe bose bagiye inama.

Umushikiranganji Jean Marie NIYOKINDI arongoye ubushikiranganji bw’ubudandaji ahamagarira abakunzi b’ibinyobwa vya BRARUDI kubandanya kuriha ibiciro vy’ivyo binyobwa uko vyahora, atagihindutse.

Ishirahamwe BRARUDI ryari ryamenyesheje kuri uwu wa mbere ko ridugije ibiciro vya bimwe mu binyobwa iryo shirahamwe rihingura, iryo shirahamwe rikavuga ko iyo ngingo itangura kuja mu ngiro kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019.

Ibinyobwa vyari vyadugijwe ibiciro ni inzoga NYONGERA yahora ku mafaranga igihumbi c’amarundi, ikaba igiye kugurishwa amafaranga igihumbi n’ijana (1100 Frs Bu).

Amstel benshi bita ndende (Amstel 65cl) yahora igurishwa amafaranga igihumbi n’amajana umunani (1800 Frs Bu) yashizwe ku mafaranga igihumbi n’amajana icenda (1900 Frs Bu).

Amstel Bock yahora igurishwa igihumbi n’amajana abiri (1200 Frs Bu) igiye kugurishwa igihumbi n’amajana atatu (1300 Frs Bu).

Amstel Royal yahora igurishwa amafaranga ibihumbi bibiri (2000 Frs Bu) nayo ikaba igiye kugurishwa amafaranga ibihumbi bibiri n’amajana abiri (2200 Frs Bu).

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS