Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Ingoro y’umugambwe CNDD FDD muri komine Mpanda yatewe n’abitwaje inkoho

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha zitanu n’imonota mirongo itatu (23h30) muri komine Mpanda, intara ya Bubanza. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ari abantu bitwaje inkoho bateye ingoro y’umugambwe CNDD FDD muri iyo komine.

Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa “Dyna” yashitse ahari ingoro y’umugambwe CNDD FDD muri komine Mpanda, yazimije amatara, abari muri iyo modoka baca batangura kurasa amasasu kuri iyo ngoro, iyo modoka mu nyuma ica ifata ibarabara rija aho bita kw’i Randa, amatara yayo akizimije, nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi.

Ayo masasu yamaze nk’iminota mirongo itatu yarononye ibiyo (Vitres) vy’iyo ngoro y’umugambwe, mu giporisi bakavuga ko ata kindi cononekaye. Ayo masasu yamaze nk’iminota mirongo itatu, nk’uko bivugwa n’igiporisi cemeza ko amatohoza yatanguye.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS