Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Inkuru atari nziza ku bakunzi b’Intamba mu rugamba ziri muri Niger

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abadashikana imyaka 20 uzokina urukino rwawo rwa kabiri kuri uwu wa kabiri nyene utagira umwe mu bakinyi bawo bakomeye, kandi batangura mu kibuga. MOHAMED Amissi asanzwe akina mu gihugu c’Ubuhorande mu murwi wa Nac Breda ntazoba ari mu kibuga kubera imvune (uguhinyagara) yagize mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu na Nigeria.

Nk’uko amakuru dukura i Niamey mu gihugu ca Niger abivuga, umusatirizi Amissi MOHAMED, inyuma y’ugusohoka kubera imvune, abaganga baherekeje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi baragerageje kumuvura, akaba no mu myimenyerezo yo kuri uwu wa mbere yagerageje kuja mu kibuga biranka. Amahirwe rero si menshi ko uwo mukinyi yoba azoboneka mu rukino rw’ejo ku munsi wa kabiri, aho Uburundi buriko bwitegurira gutana mu mitwe n’igihugu ca Niger gisanzwe ari naco cakiriye izo nkino z’igikombe ca Afrika c’abadashikana imyaka 20.

Mu rukino rwa mbere, naho Uburundi bwatsinzwe na Nigeria bibiri ku busa, umukinyi Amissi MOHAMED ari mu bakinyi bigenjeje neza mu kwerekana ubuhinga n’ugusatira kwo ku rwego rwo hejuru.

Uburundi nta gitsindo canke inota buraronka muri iryo higanwa, bukaba buri mw’itsinda (Groupe) rimwe na Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS