Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Intamba mu rugamba zagiye ziberewe : Amafoto

Abakinyi badashikana imyaka 20 b’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru “INTAMBA MU RUGAMBA” bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, aho bagiye gufata urugendo rubashikana mu gihugu ca Niger, bakaba bitavye inkino za Afrika z’abatarenza imyaka 20 (CAN_U20) z’uwu mwaka w’2019.

Joslin BIPFUBUSA yemeza ko abakinyi bose azotwara bameze neza, kandi ko n’abatashoboye kuza kwifadikanya n’abandi mu myiteguro basubirijwe abandi.

“Gushika kuri ino saha novuga ko mu murwi nserukiragihugu dushimira Imana kubona abakinyi bose bameze neza, abo twateguye gutwara bose bameze neza, kiretse aboba bagize ibibazo tukaba twarashoboye kubasubiriza n’abandi.”

Uwo amenyereza Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 avuga ko ihangiro atwaye mu gihugu ca Niger ari uko Uburundi bwoshika kure muri izo nkino, bishobotse mbere butware n’igikombe c’iryo higanwa.

Uburundi buri mw’itsinda (Groupe) rimwe n’ibihugu vya Niger yakiriye iryo higanwa, igihugu ca Nigéria hamwe na Afrika y’epfo. Abo bakinyi bazofata urugendo kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 29 Nzero 2019, igihe c’isaha icumi z’umuhingamo (16h).

Izo nkino zizotangura kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2019.

Abakinyi 21 bagiye guserukira Uburundi muri CAN_U20 ni :

1.RUKUNDO Onésime (Messager Ngozi)

2. KITENGE Ally Tonton (Buja City)

3. NDIZEYE Aimé Fales (Aigle noir)

4.SELEMANI Moustafa (Aigle noir)

5.NDORIYOBIJA Eric(Stand Utd)

6.NAHIMANA Steve (Kayanza UTD)

7.NDAYE Chancel (Rukinzo Fc)

8.BIGIRIMANA Ramadhan(Stand Utd)

9.MURYANGO Mabano Shabani (Aigle noir)

10. EZA Armel (Kayanza UTD)

11.NSHIMIRIMANA Jospin (Aigle noir)

12.MBIRIZI Eric (Stand UTD)

13. RAMADHAN Pascal (Musongati Fc)

14.KANAKIMANA Bienvenu (Aigle noir)

15.MAVUGO Cédric (Aigle noir)

16.ULIMWENGU Jules(Sunrise)

17. IRAKOZE Saidi (Musongati Fc)

18.RUKUNDO Therence (KAYANZA UTD)

19.MOHAMED Amissi (Nac Breda)

20.HAKIZIMANA Héritier(Aigle Noir)

21.BARANDONDERA Abdoul Karim (Flambeau du Centre ).

 

APPELEZ-NOUS