Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Intamba mu rugamba zimirije inkino zibiri mpuzamakungu za kivandimwe

Igihugu ca Quatar caraye cemereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ko kizokwakira Intamba mu rugamba mu myiteguro y’indwi zibiri, nk’uko bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Muri iyo myiteguro, Intamba mu rugamba zizokina inkino zibiri za kivandimwe n’ibihugu vya Tuniziya hamwe na Mali.

Inyuma y’izo ndwi zibiri, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uzokwerekeza mu gihugu ca Tunizia aho uzokina urukino rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu w’ico gihugu kw’igenekerezo rya 17 Ruheshi 2019, mu nyuma y’aho abakinyi b’Uburundi bazoheza berekeze mu gihugu ca Misiri kwitaba inkino za CAN 2019.

Reveriyano Ndikuriyo, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko imyimenyerezo y’Intamba mu rugamba iri mu mice itatu, akaba yaranayishikirije :

“Imyimenyerezo izobera mu gihugu c’Uburundi, iyo myimenyerezo ikazotangura abakinyi bose bamaze gushika, ntituramenya neza bose aho bazoshikira kubera hariho ama championnats hirya no hino atarahera, abakinyi basanzwe bakinamwo kuwa 25 bazoba bamaze gushika bose kugira twitegurire matchs za kivandimwe. Mu Burundi rero tuzohava itariki zibiri z’ukwezi kwa gatandatu, umurwi nserukiragihugu uzokwerekeza i Doha muri Quatar gushika itariki 13 z’ukwezi kwa gatandatu. Ni ukuvuga ko bazomarayo iminsi 11 hanyuma itariki 13 z’ukwezi kwa gatandatu gushika itariki 18, Intamba mu rugamba zizoba ziri i Tunis muri Tunizia aho zizokina urukino rwa kivandimwe n’umurwi nserukiragihugu w’ico gihugu kuwa 17 z’ukwa gatandatu.”

Nk’uko bishikirizwa na Reveriyano Ndikuriyo arongoye FFB, muri Quatar Intamba mu rugamba zizokina urukino rwa kivandimwe n’igihugu ca Mali, zibone kwerekeza mu gihugu ca Misiri mu nkino za CAN 2019.

Mw’ishirahamwe FFB babandanya gutera akamo ko abakunzi b’Intamba mu rugamba hamwe n’amashirahamwe atandukanye bobandanya guterera Intamba. Kuri uwu wa 31 Rusama 2019, harategekanijwe mbere urukino rwa kivandimwe ruzohuza Intamba mu rugamba na Aigle Noir yo mu Burundi. Urwo rukino ruzotangura igihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu, kwinjira akaba ari ibihumbi bitanu ku nkengera z’ikibuga (Pourtour), hamwe no kuva ku bihumbi icumi gushika ku muriyoni umwe mu bwugamo (Tribunes).

Muri FFB bavuga ko amafaranga azova muri urwo rukino hamwe n’ayandi abandanya kwegeranwa azokoreshwa mu myiteguro y’Intamba mu rugamba.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS