Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Intara ya Gitega igiye kwakira ihiganwa rya Rallye rizomara iminsi ibiri

Ishirahamwe ry’ugusiganwa n’imiduga ryo mu Burundi (Club Automobile du Burundi) rimenyesha ko hazoba ihiganwa ry’isiganwa ry’imiduga kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro n’igenekerezo rya mbere Nyakanga 2019 mu ntara ya Gitega mu makomine ya Giheta, Gitega, hamwe na Bugendana.

Mw’ishirahamwe “Club Automobile du Burundi” bavuga ko amabarabara abahiganwa bazocako ari Kibimba – SSD Bugendana, Bugendana – Butare, hamwe n’ibarabara Ntunda – Ruvubu.

Ishirahamwe ry’ugusiganwa n’imiduga ryo mu Burundi risaba abanyagihugu kwirinda kuzoja muri ayo mabarabara, hamwe n’ugukingira abana hamwe n’ibitungwa vyo mu micungararo iryo higanwa rizoberamwo.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS