Mashariki TV

L' information fiable et en temps réel

Intsinzi y’akataraboneka mu mateka y’umupira w’amaguru mu Burundi

Uburundi ku ncuro yabwo ya mbere kuva bubayeho, bwanditse kuri uwu wa gatandatu amateka mu rukino rw’umupira w’amaguru, mu kwironkera itike y’ukuzokwitaba ihiganwa ry’igikombe ca Afrika kizoba mu kwezi kwa gatandatu umwaka w’2019.

Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, imbere y’abarorerezi isinzi, igice ca mbere c’urukino caheze iyo mirwi yompi inganya ubusa ku bundi.

Mu gice ca kabiri, Uburundi bwinjije igitsindo ca mbere catsinzwe na Amissi Cedric ku munota wa 74. Inyuma y’akanya gato, na Gabon yararonse igitsindo, umukinyi w’inyuma w’Uburundi Omar Ngando akaba ariwe yinjije mw’izamu rya Jonathan Nahimana asamira Intamba mu rugamba.

Urukino rwaheze iyo mirwi inganya igitsindo kimwe ku kindi, ivyatumye Uburundi bubandanya ihiganwa, kuko bwarusha amanota Gabon ya Pierre Emerick Aubameyang yasabwa gutsinda urwo rukino.

Mw’itsinda Uburundi burimwo, ibihugu bizokwitaba CAN 2019 izobera muri Egypte ni Mali hamwe n’Uburundi.

Igihugu ca Gabon cari kimaze imyaka igera kuri itanu cikurikiranya kwitaba inkino z’igikombe ca Afrika, mbere rimwe na rimwe kigashika mu bice vya nyuma vy’iryo higanwa.

Inyuma y’urwo rukino, abantu batandukanye barakeje Intamba mu rugamba, n’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba atatanzwe kwandika ku muhora wiwe wa Twitter ko abakinyi b’Intamba mu rugamba bateye iteke Uburundi ry’akataraboneka :

“Turakeje kandi turashimiye Intamba mu Rugamba kw’Iteka ry’Akataraboneka bateye Uburundi mu kubushikana ubwa mbere mu nkino za nyuma z’Imirwi Nserukirabihugu vya Afirika.Turashimiye Imana kandi ntituzohengeshanya gushigikira Inkino no kwinonora imitsi.”

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

APPELEZ-NOUS